BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Masterland ngo Production ntakiyikora nk’iyo guca amafaranga

Abagifise muribo ko Masterland akwiye guhitamwo kimwe muvyo asanzwe akora ngo nibahagarike, kuko Imana yamuhaye ingabire nyinshi cane.

Uwo muririmvyi akaba n’umugwizatunga avuga ko yasanze Imana yamuhaye ingabire nyinshi, kandi ngo ariko agerageza kuzikoresha zose.

Masterland avuga ko umuntu ameze nka Diamond, ikenera utumanyu twinshi tuyigize (Cristaux) kugira ikayangane. Utwo tumanyu (Cristaux) avuga ko ari ingabire Imana yatanze zikenerwa kugira umuntu abashe gukayangana.

Yagize ati : ” Umuntu ndamugereranya na Diamond, ikintu ca mbere gifise agaciro kw’isi, risumvya n’agaciro amafaranga. Diamond igizwe n’udu Cristaux turya dutuma ikayangana. Kugira ikayangane n’uko ari twinshi dufatanye. N’umuntu niko ameze, umuntu afise ama Cristaux menshi Imana yamushizemwo atuma akayangana, yose rero iyo agiye hamwe agakorera hamwe niho umuntu aba ya Diamond.”

Yongera ko ati :” Jewe rero naratahuye yuko mfise muri jewe ubushobozi bwinshi, ntabwo ubushobozi bwanje bugarukira mu kuririmba gusa. Kandi nanje ndagerageza kw’Exploita le Maximum y’ivyo nshoboye, muvyo Imana yandemanye, niyo mpamvu rimwe na rimwe ndabivanga mugabo hariho ivyo mpa Priority. Uno musi singishira imbere Production yo guca amafaranga, ubu nshira imbere Career yanje, na Entrepreneurship n’ibindi vyo ku ruhande, mugabo Production ndayikora cane cane ndiko ndafashanya n’abandi bantu.”

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775