homepagekirundiprimusic-burundipromotedsocieteTabac

Indero y’abana ahanini ngo ifiswe mu ntoke n’abakenyezi

Umukenyezi afise uruhara ntasubirizwa mu kurera, gutanga indero hamwe no mw’iterambere ry’abana kuko kenshi aribo bama bari hafi yabo

Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu, imibano n’iterambere ridakumira Martin Nivyabandi yaramutse atunganya kuri uno wa kane igenekerezo rya 28 Ntwarante umwaka w’2019 uruganda rwo guhanahana ivyiyumviro ku ruhara abakenyezi bafise mu ndero y’ibibondo mu ntumbero yo kurwanya ukutitabwaho kw’abana.

Muri urwo ruganda, umushikiranganji Martin Nivyabandi yashikirije ko bimaze kugaragara neza ko abakenyezi bafise uruhara ntangere mu kurera abana kuko umwana yigana imyifato y’umuvyeyi wiwe ariwe nyinarugo kubera ko, twihweje nko ku mugabane wa Afrika, abakenyezi nibo bama bari hafi y’ibibondo vyabo ugereranije n’abashingantahe.

Twobamenyesha ko urwo ruganda rwabereye mw’ihoteri le Panoramique iri mu gisagara ca Bujumbura ko rufise intumbero yo kugabanya ukutitabwaho kw’abana kugira ngo mu mwaka w’2021 uzogere hamaze kuboneka akarusho ugereranije n’ubu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 757