BurundihomepagekirundisecurityWestern Sydney Films Festival

Baheruka gufatwa bagirizwa urudandazwa rwa “héroïne”

Umugabo umwe w’umunya Bresil aheruka gufatanwa itonga ry’ibiyovyabwenge bita “héroïne” ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Bujumbura.

Nk’uko bishikirizwa n’ubushikiranganji bujejwe umutekano no gukinga ibiza, kw’igenekerezo rya 20 Ntwarante uwu mwaka, umugabo w’umunya Bresil azwi kw’izina rya Gilberto Fabio yarafatanywe itonga ry’ibiro ry’ibiro bitatu vy’ibiyovyabwenge bita “héroïne” ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Bujumbura, ivyo biyovyabwenge bikaba bifise igiciro cababa ibihumbi amajana atatu na mirongo itandatu vy’amanyaburaya (360,000€).

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko hari n’abandi bagabo batatu baheruka gufatwa bikekwa kuba bafashanya muri ico caha na bwana Gilberto, abo nabo bakaba barimwo abarungi babiri (Nahimana Juma hamwe na Ndayisenga Radjabu) hamwe n’umunya Lethonia Maris Akmes.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 748