africa newshomepageIndundi Hits Showskirundikirundi_SportsYvan muziki

Umugwi wa Gabon wakinye n’Uburundi ugiye gufutwa

Umugwi nserukira gihugu wa Gabon les Panthères de Gabon wakinye n’intamba mu rugamba mu rukino rwo kuwa 23 Ntwarante ugiye gufutwa.

Ivyo bikaba vyaraye bishikirijwe n’umushikirangaji w’inkino n’imicokama wo mu gihugu ca Gabon yitwa Bikie Bynze .

Akaba yatanze itegeko y’uko umugwi nserukira gihugu wa Gabon wose wakinye inkino zo kurondera itike yo kuja gukina inkino za nyuma muri Misiri ufutwa mu maguru masha bagahamagaza abandi bakinyi bakiri bato.

Uyo mushikirangaji w’inkino n’imicokama Bilie akavuga y’uko abakinyi b’umugwi nserukira gihugu wa Gabon bashize imbere inyungu z’abo bibagira inyungu z’igihugu.

Ukunganya kwa Gabon igitsindo 1-1 n’umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba mu rukino rwo kuwa 23 Ntwarante umwaka wa 2019 rwatumye Gabon ibura amahirwe yo kwitabira inkino za CAN2019 zigiye kubera muri Misiri , intamba mu rugamba zikara arizo zizokwitabira izo nkino za nyuma za CAN2019.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871