homepageArsenalComediesInkinointamba murugambakirundikirundi_SportsYvan muziki

Impanuro Saido Berahino yatanze ngo zarafashije intamba gukatisha itike yo gukina CAN2019

Saido Berahino NGO yagize uruhara runini kugira intamba mu rugamba zitabire inkino za CAN2019.

Umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba akinira umugwi Stock City uri mu cicaro ca kabiri mu Bwongereza Saido Berahino NGO arafise intererano idasanzwe yahaye abakinyi bagenziwe b’intamba mu rugamba kugira bashobore kwitabira inkino za CAN 2019 zigiye kubera mu Misiri mukwezi kwa gatandatu kuza.

Mu kiganiro yashikirije ku nsamirizi Buja FM, umusatirizi Saido Berahino yashikirije y’uko ubwa mbere ashika mu mugwi nserukira gihugu w’ntamba mu rugamba yabwiye bagenziwe babakinyi y’uko bategerezwa gukora uko bishoboka kugira baronke uburengenzira bwo kwitabira inkino za CAN 2019 kandi bose baramutegereye .

Saido ati” Igihe nshika ubwa mbere mu mugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba nabwiye bagenzanje dukinana y’uko dutegerezwa gukora uko dushoboye kugira turonke uburengenzira bwo gukina inkino za nyuma za CAN 2019 izobera mu Misiri kandi bose batantegereye kandi abakinyi bose twicaye hamwe turavugana uwufise ingorane n’uwundi akazirangiza tukarangwa n’ubumwe twaravuganye cane nk’amasaha atatu umumenyereza siho yarari aho hari mu rukino rwanje rwambere dukina na Gabon mu nyuma twaragwije amasengesho birakunda ndashimiye abarundi bose badushigikiye “.

Saido Berahino rikaba ari ubwa mbere akina mu mugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba agaca awutwara mu gikombe ca CAN 2019 kigiye kubera muri Misiri .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 884