BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Fabelove ngo abatahemukiye Hip Hop ngo bahagaze neza

Abari aba Rappeur bahinduye bakaja mu yindi midiho, ngo aho bukera ntibaze batangare banse kwakirwa mu muryango w’aba Rappeur, ivyo bishikirijwe na Fabelove avuga ko ariwe mwami wa Hip Hop hano iwacu.

Uwo muririmvyi mu kiganiro yahaye umwe mu bamanyeshamakuru ba hano iwacu, yavuze ko bitangaje ukuntu abantu bavuga ko uwo mudiho ata kintu kuko ata mahera urimwo, ariko ngo baguma biyita aba Rappeur.

Fabelove ntiyaretse kuvuga ko abaririmvyi ba hano iwacu batazi kwigira ku buryo abandi bakora, agatanga akarorero k’ibihugu nka Amerika n’ahandi, aho aba Rappeur bagumanye akarangamutima k’uwo mudiho, bahagaze neza.

Fabelove akaba yavuze ko we ari ku kivi, agasaba abantu kumuha akanya ko kwubaka ikibanza neza. Akanavuga ko ibintu bimaze kumera neza ngo ntibaze batangare bankiwe kwinjira muri uwo muryango.

Mwomenya ko Fabelove avuga ko igituma ari umwami muri uwo mudiho, aruko atawuhemukiye ngo awuvange n’iyindi midiho, ariko kandi ngo anafise n’abo yigisha gukora uwo mudiho.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775