BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Fortran Bigirimana agiye kuryohera abakunda igikongomani

Inyuma y’indirimbo “Je me Prosterne” yaheruka gushirira ahabona amasanamu mu kwezi guheze, Fortran Bigirimana yavuze ko agiye gushira ahabona akandi karirimbo gashasha kiwe.

Uwo muririmvyi w’umurundi abarizwa ku mugabane wa Buraya, akoresheje urubuga rwiwe rwa Instagram, yavuze ko hari ikindi gikorwa kiriko kirategurwa.

Naho atatomoye neza ryari kizoshirirwa ahabona, uwo muririmvyi yabonetse ariko yumviriza indirimbo yumvikanye nk’iyoba irimwo umudiho w’igicongomani nk’uko umwe mu bagize ico bashikiriza muri commentaire yabishikirije.

Fortran, Video yayiherekeje n’amajambo yo mu rurimi rw’igifaransa ngo : ” De belles choses en perspective🥳😇

Préparez vous oh, maintenant la nourriture est préparée à la maison, du fait maison..😁😉🥳

Je vous souhaite de passer une semaine bénie la famille 🙌🏽🙏🏽❤️”

Uwo muririmvyi akaba ari umwe mu baririmvyi b’abarundi babarizwa mu gihugu c’Ubufaransa, ariko kandi akaba ari umwe mu baririmvyi bahagaze neza mu mahanga kubera ibiteramo amaze igihe ariko arakora.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775