BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Emery sun mu bumanuko ngo barondere ikibanza kinini

Inyuma y’ibitero 2 aheruka gukora i Gitega no mu Rumonge, Emery sun yatumiriye abo mu bumanuko kumwitega.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Whatsapp, uwo muririmvyi yavuze ko hari ikindi giteramo ariko yitegura gukora vuba cane.

Ico giteramo nk’uko yabimenyesheje ngo azogikora kuko abafana bagize igihe bamuhamagarira kubitabira muri ako gace agiye gukoreramwo.

Emery sun mu butumwa yashize ahabona, yavuze ko haramukiwe Makamba, agasaba abafana biwe kumurondeza ikibanza kinini, kuko ngo gito co ntibohakwira.

Emery akaba abishikirije mu gihe ababashije gushika muri ivyo biteramo 2 vyose, bemeza ko uwo muririmvyi yavyifashemwo neza cane, kandi abantu bamwitabiriye bikomeye.

Emery sun akaba yaheruka gushikiriza ko ukutaboneka kwiwe mu biteramo, harimwo n’ukuba hari abategura ibiteramo badahuriza ku mafaranga yohembwa.

Mwomenya ko Emery yari amaze igihe kitari gito atazunguruka mu ntara zitandukanye zigize Uburundi ngo akore ibiteramo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775