BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Ado Josan agiye gusohora indirimbo za Gospel

Umuririmvyi Ado Josan abarizwa ku mugabane w’Uburayi mu gihugu ca Finland, ngo ariko arategura gushira ahabona ibikorwa bitandukanye vy’umuziki mu misi iza.

Ivyo uwo muririmvyi akaba abishikirije mu gihe yaheruka gushira ahabona indirimbo yiwe nshasha yise UH Lala yakoranye na mugenziwe Mt Number one.

Uwo muririmvyi mu kiyago yagiranye na Steve Derrick ku rubuga rw’insamirizi Africa for hope, yamenyesheje ko indirimbo ziriko zirategurwa zizoza mu rukurikirane ariko arategura, ngo hazoba harimwo indirimbo zitamumenyereweko.

Uwo muririmvyi ari muri bake bakwiza views 1,000,000 ku rubuga rwa YouTube mu mwanya nk’uwo gukubita urugohe, avuga ko hari indirimbo za Gospel amaze kwandika ariko zitaraja ahabona, none ngo zigiye kuzoshirwa ahabona muri urwo rukurikirane azoshira ahabona.

Uwo muririmvyi muri ico kiyago caciye ku rubuga rwa Instagram rw’iyo nsamirizi isanzwe isamiranira mu gihugu ca Sweden, igacishwako ibiganiro mu rurimo rw’ikirundi, akaba yishuye ibibazo bitari bike birimwo n’umuti ku kibazo c’ukumenyekanisha ibikorwa vy’abaririmvyi.

Mwomenya ko uwo muririmvyi akomoka mu muryango w’abakizwa, bose bakaba babarizwa muri ico gihugu ca Finland.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775