BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Esther Nish arahakanye ko atari umu Hit Maker

Uno musi umuririmvyi agirwa na Hit, ivyo nivyo abatari bake bibaza na cane cane abaririmvyi ubwabo, ariko Esther Nish we siko abibona.

Uwo mwanditsi wa Kavorivori avuga ko we atari mu gitigiri c’aba hit maker [ abandika indirimbo zikundwa cane], ariko ngo ni umu Best Maker [ abandika indirimbo ziryohoye].

Aganira na Nice Sky, Nish yavuze ko we adashira imbere kwandika indirimbo zikundwa, ahubwo ngo yiyumva ategerezwa kwandika indirimbo zimeze neza.

Uwo muririmvyikazi akaba yavuze ko indirimbo iba Hit atavyo warondeye, ariko ngo ukuryoha kw’indirimbo ngo biraronderwa.

Nayo ku kibazo c’uko yoba ariko akora ama Hit gusa muri ino misi, ngo abishimira Imana gusa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775