BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Ayababa 1,000,000 niyo Alvin Smith yasabwe kuri Audio ya we na Bwiza

Alvin Smith arira ayo kwarika kubera ibiciro vy’ama studio mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Mu gihe hamaze kumenyekana ko ico yipfuza co gukorana Collabo n’umuririmvyikazi Bwiza camaze gukemuka, uwo muririmvyi ngo yasanze muri ico gihugu ama studio azimvye cane.

Nk’uko yabashije kuvyerekana muri Story yiwe ngo amafaranga angana n’300$ yababa 1,000,000 w’amafaranga ya hano iwacu, ngo niyo yasabwe kugira babashe kumukorera audio y’iyo ndirimbo.

Uwo muririmvyi akaba atarashikiriza nimba azova i Kigali akoze n’amasanamu yayo, ariko ikimaze kumenyekana co n’uko uwo muririmvyi azosubira kandi guteramisha abanya Kigali kuri uyu wa 2 kuri the Keza hotel, aho azoba n’ubundi arikumwe na DJ Briane.

Mwomenya ko hari hanavuzwe amakuru ko Alvin Smith ashobora kuba afise collabo n’umuririmvyi Nel Ngabo nawe nyene wo mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775