BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Edisson Ndayahoze yigamvye kubatamwerekwa

Umumenyeshakuru Edisson Ndayahoze azwi cane nka Mr sinzoceceka, yishongoye ku batari bake bari bagize imisi bamuvuga cane kubera urubuga rwiwe rwa Facebook, aho avugwako ibidashimwa na bose.

Mu gihe abansi ari abatari bake kuri urwo rubuga, Edisson aheruka kwerekana imodoka avuga ko yakuye kuri urwo rubuga rwa Facebook, ubu rugeze ku barukurikirana barenga 260,000, aho avuga ko iyo hataba abo bamwanka ngo bitari gukunda.

Edisson mu majambo yanditse aherekezesha iyo foto, yavuze ngo:

” Kaga facebook ka #Edisson_Ndayahoze kari gukor’umuti ukuntuuu 🙏🏿 Ivyaka kuma 🔨 Ngiye kuba ndabireka kuko abari bamaz’iminsi bibaza ko bariko barantuka nagomba ndababwire ko muri birya mwita ibitutsi ariho hari guturuka imigisha 🙏🏿 Ntawe bitabera gusa nuko bitinda kuza … Ndabakunda caaane !!! “

Uwo mumenyeshamakuru wa P J Classic Fm akaba yagirizwa n’abatari bake mu bafana guhengamira ku muririmvyikazi Natacha Ngendabanka, asanzwe nawe yagirizwa gukoresha amafaranga cane mu bamenyeshamakuru ngo avugwe gusumba, ngo ibitorohereza abandi baririmvyi baba badafise amafaranga ngo bapinzanye.

Uwo mugabo akaba yimukiye kuri iyo nsamirizi avuye ku nsamirizi y’imicokama, aho yari amaze igihe kitari gito, ariko kandi akaba yakunzwe cane kubera ugucisha ibiganiro vyiwe ku rubuga rwa Facebook rwiwe, aho aronka abantu batari bake bagira ico bavuga kuri izo Interview aba acishijeko.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775