BurundiEntertainmenthomepagekirundikirundi_Sportsmusic

Monia yahakanye ibimuvugwako ko ari mu rukundo na Drama T 

Monia Fleur arahakana ivy’inkundo zivugwa hagati yiwe n’umuririmvyi mugenziwe Drama T.

Uwo muririmvyi wa Pharaon yahaswe ibibazo n’abafana biwe kuri Instagram ku gice ca storie, aho yagiye yishura ibibazo bitandukanye.

Monia Fleur yabajijwe nimba afise umukunzi, agwa agaramye, abajijwe ico ari kuri Drama T, abanza gutwenga noneho yishura ko ari incuti gusa, ngo ata kindi kirenga ico.

Ariko uwo mwigeme akaba yavuze ko yari kugarukiriza ng’aho inyishu, ariko ko ashimye kwiyama abavuga ivy’uko yoba ari mu rukundo na Drama t.

Monia akaba abishikirije mu gihe yaheruka kugwara bikomeye ari muri Kenya, ariko bamwe bakabifata nka Buzz ngo afise indirimbo yari agiye gukorera muri ico gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 888