BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Big Fizzo ngo akumbuye cane cane Kimana

Uburayi buraryoshe, ariko mu gihe c’imbeho ngo haba hashisha, ivyo biheruka gushikirizwa na Mugani Désiré mu kiganiro One Long Shot ikiganiro ca Isanamu media.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi akaba yamenyesheje ko akumbuye vyinshi mu Burundi, kuko muhira hama ari muhira. Kandi uwo muririmvyi akaba yamenyesheje ko Uburundi ngo hama ari umuco, ngo s’ico kimwe no kuri uwo mugabane aho hageze mu gihe c’imbeho, abantu bamererwa nabi.

Mugani ntiyaretse kuvuga kandi ko akumbuye umugore wiwe, umwana, nyina, abo bavukana n’abagenzi biwe. Ariko uwo muririmvyi akaba avuga ko cane cane akumbuye umugore wiwe.

Muri ico kiganiro nyene Mugani yabajijwe nimba hari umugambi w’ukwo umugore amusanga i Burayi, akaba yamenyesheje ko ubuzima butaborohera kubera ubuzi baba bafise hirya no hino, ariko akavuga kohHari igihe vyanka gose bikaba ngombwa ko umwe muribo asanga uwundi.

Uwo muririmvyi ntiyavuze muri ico kiganiro igihe azosubirira mu Burundi, ariko bikaba bimaze kumenyekana ko we n’umutambukanyi wiwe co kimwe n’abandi batandukanye bazohurira muri Maroc mu misi iri imbere, aho bazoba bagiye mu vyigwa bitandukanye bitegurwa n’umugambi PASSAC, ufashwa n’ubumwe bwa Burayi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775