BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Yvan Muziki yaririmvye ku bisusu ayita Nyash

Yvan Muzik ngo uno musi isaha 4 z’ijoro arashira ahabona Indirimbo yiwe nshasha. Iyo ndirimbo ikaba yahawe akazina ka Nyash, rikunze gukoreshwa n’abanya Nigeria cane mu kuvuga Igisusu.

Iyo ndirimbo nkuko uwo muririmvyi yavyerekanye ku rubuga rwiwe rwa Instagram, ngo ntiyayikoze wenyene, ahubwo yarikumwe na Deejay Pius, umwe mu ba Dj akaba n’umu Manager, akanategura ibiteramo mu Rwanda.

Yvan akaba yatumiriye abantu kuba hafi y’urubuga rwiwe rwa YouTube, kugira baze kuba aba mbere kubona iyo ndirimbo nshasha.

Iyo ndirimbo ikaba izoba isohotse inyuma y’ukwezi kumwe gusa asohoye Indirimbo Yuda iri mu rukurikirane EP yaheruka gushira ahabona. Iyo EP ikaba yarimwo Indirimbo nka Urugo Ruhire RMX yavugishije abatari bake kuko mu mwanya nk’uwo gukubita urugohe, iyo ndirimbo yakwije Views 1,000,000 ibitari bimenyerewe. Ubu ikaba igeze kuri views 2,400,000.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775