BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Big Fizzo ashobora kudasohora ya ndirimbo kuri YouTube

Indirimbo nshasha ya Big Fizzo yitezwe, ngo ishobora kudasohokera ku rubuga rwa YouTube.

N’aho ataco arabasha kubishikirizako Big Fizzo, ngo indirimbo nshasha yiwe yitezwe muri ino misi ariyo NDABIZI ngo ishobora gusohokera ku mbuga zigurisha umuziki gusa.

Ivyo bikaba biheruka gushikirizwa n’umwe muba Instagrammeur akurikiranira hafi ivya Mugani Désiré. Imvo ishikirizwa n’uwo muntu ikaba ari uko ngo urubuga rwa YouTube rwa Big Fizzo rutarakwiza abarukurikirana 100,000.

Ivyo akaba abishikirije inyuma y’aho atanguriye isekeza ryo guhimiriza abantu ngo bakurikirane Mugani kuri YouTube kugira abashe gukwiza abamukurikirana barenga 100,000.

Ivyo bishikirijwe kandi mu gihe Mugani aheruka gukwiza abumvirije indirimbo ziwe kuri Boomplay barenga 1,000,000, aho ni mu gihe 60% bavuye kuri za nkurikirane 2 Legendary na Desideratus yaheruka gushira ahabona.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775