BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Alvin yacaguriwe hagati ya Bwiza na Juno Kizigenza

Ingendo Alvin Smith aheruka gukorera i Kigali, zavuyemwo indirimbo zitari nke, mu gihe mu ntango zari zigamije ukwiga gusa.

Uwo muririmvyi yitezwe ku mugabane w’Uburayi mu misi ya vuba, indirimbo zaketswe ko yakoreye muri ico gihugu zikaba zaharurwa harabiwe ku mashusho yafashwe arikumwe n’abaririmvyi batandukanye muri ico gihugu.

Abo nabo akaba ari nka Juno Kizigenza, Bwiza, Nel Ngabo, Yvan Muziki, Marina n’abandi batari bake, ariko Alvin akaba amaze kuvuga 2 muri izo nyinshi zaketswe.

Kuri uyu wa mbere w’indwi ya 3 y’ukwezi kwa 11, uwo muririmvyi yacaguje abafana ngo bamubwire hagati y’indirimbo yakoranye na Bwiza, hamwe n’indirimbo yakoranye na Juno Kizigenza iyo yobasha gushira hanze imbere y’iyindi.

Uwo muririmvyi mu bariko barababa 70,000 bamukurikirana kuri Instagram, ari nayo yakoresheje mu gusaba ko bamucaguza, abatari bake naho tutamenye igitigiri barabashije gutora, aho igice kinini, ni ukuvuga 52% bamusavye ko yobanza gushira ahabona iyo yakoranye na Bwiza, mu gihe 48% bo bamusavye kubanza kuyo yakoranye na Juno.

Bikaba bishoboka ko rero iyo Alvin yakoranye na Bwiza yamaze gukundwa itaranasohoka, kubera amajambo yayivugiweko ikiriko ikorerwa amajwi amasanamu ataranafatwa, ariko iya Juno yo ikaba itigeze ivugwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775