BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Mow Kanzie ngo kuba we ni ukwemera kwitwa Malaya

Kwipfuza kuba Monna Walda ngo bisaba ukwitanga gukomeye, kuko harimwo n’ukwemera kwitwa Malaya.

Mu kiyago yagiranye na Juste, uwo muririmvyikazi aheruka guhimbaza isabukuru yiwe y’amavuko, n’imyaka 3 amaze mu muziki, avuga ko kwipfuza kuba we uno musi aho ageze, ngo bitoroshe na gato.

Monna Walda yabwiye Juste ko hariho ibintu vyinshi bisabwa kugira ube Monna w’uno musi. Muri ivyo, harimwo kwitwa uw’idandaza, kwakira ko utazorongorwa, canke ukarongorwa n’uwutari umurundi, kwakira ko utari umukobwa umuhungu yokwereka iwabo, kwakira ko abantu badakunda kukubona ko uri uw’uwuciye ubwenge, ahubwo bakubona ko uri mwiza ariko uri akajuju.

Mow Kanzie naho avuga ko bitoroshe kuba we, avuga ko we yizera ko mu bantu bari kw’isi, udashobora kubura uwugukunda, uko woba umeze kwose.

Mow Kanzie akaba we yaramaze kwemera ko umugabo wiwe ashobora kutazoba ari umurundi, ahubwo ashobora kuzorongorwa n’umunyamahanga.

Mwomenya ko uwo muririmvyikazi yari yarigeze kuvuga ko atazorongorwa, ariko akaza kubihindura.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775