Kingorongoro ni umuririmvyi w’umu Rapeur benshi mwakunze kundirimbo ziwe zitandukanye indirimbo yiwe ihari nshasha muri zose ni “Habavye”.
Yari amaze imisi yandika ku mbuga ngurukanabumenyi y’uko afise indirimbo agiye kurekura azoba ari kumwe n’abaririmvyi nka T max, Ines Raguel, Masterland n’abandi.
Kubwiwe ngo ni indirimbo yemeza ko izofata ikibanza mu muziki wo muri Afrika y’ubuseruko.
Mugihe tutarayibona vyogorana kugira tugire ico tuyivuzeko ariko isango yamaze kuritanga ku bashaka kuyibona ubwa mbere.
Igenekerezo rya 26 Munyonyo 2022 kuri Nueva Vista mu Kinama isaha icumi yifadikanije n’abaririmvyi nka Fabilove, Chany Oueen, Masterland, Ines Raguel, Jadix, Bizzo Uwezo n’abandi benshi.
Kwinjira azoba ari ku buntu kazoba ari n’akaryo ko kubereka ubwa mbere iyo ndirimbo yiwe nshasha yise “Hatokombeye”.