africa newshomepageIndundi Hits Showskirundikirundi_SportsYvan muziki

Tresor Mputu ngo aramaze kumenya ibanga rya Simba Sc

Umukinyi w’umusatirizi w’umugwi Tp Mazembe Mputu Tresor yavuze y’uko azi ibanga Simba sc ikoresha mugihe iba iri iwabo.

Kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 03 Ndamukiza umwaka 2019 niho umugwi Tp Mazembe wo muri Repubirika iharanira Demokarasia ya Congo washika ku kibuga c’indege ca Tanzania Julius Kambarange Nyerere aho waje gutana mu mitwe n’umugwi Simba Sc wo mu gihugu ca Tanzania mu rukino rw’igice 1/4 gishira ica nyuma c’inkino za CAF Champions League zizoba kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 6 Ndamukiza 2019.

Mputu abajijwe n’abanyamakuru bari ku kibuga c’indege yavuze ati” Simba Sc ndayizi iyo iri mu rugo yama itahukana intsinzi ariko natwe tuzokora uko dushoboye mpaka tubatsinde “.

Mukamenya y’uko Mputu Tresor akaba yari amaze igihe adakina umupira w’amaguru inyuma y’imvune yamaranye igihe kitari gito

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871