BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Sat-B ngo agiye kwerekeza ku mugabane w’Uburayi

Umuririmvyi Bizimana Aboubakar Karume benshi muzi nka Sat-b yamenyesheje ko muri uno mwaka uza wa 2023, agiye gukorera igiteramo ku mugabane w’Uburayi.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook, uwo muririmvyi yerekanye Cover iteguza ibiteramo bizoba mu mwaka uza, aho azokorera mu bihugu bitandukanye birimwo Sweden, Danemak, Norway, Belgium na France.

Ntihamenyeshejwe umusi nyezina, ariko hakaba havuzwe ko bizovugwa mu misi ya vuba.

Urwo ruhererekane rw’ibiteramo bizobera muri Europe, bikaba biboneka ko uwubiri inyuma ari ishirahamwe Zose All media House.

N’aho ari inkuru nziza kuri bamwe, abandi bo batanguye kubipinga aho babona ko uwo muririmvyi atashoboye kuronka uko yerekeza muri Amerika mu bikorwa vy’itangwa ry’ubushimwe mw’ihiganwa Afrimma, atazoshobora kuronka ayatuma azunguruka uburayi.

N’aho atakiravugwa, Zose All Media House bikaba bishoboka ko iri mu minwe ya Bacumi Jackson asanzwe yarigeze kuba Manager wiwe, akaba na manager wa Esther Nish, mbere akaba afise na Digita Distribution, inzu ifasha abaririmvyi gushikana ibikorwa vyabo kuma Platform agurisha umuziki.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775