BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Alvin Smith yidogeye ikinyamakuru Akeza

Alvin Smith yiswe umunyeshari n’ababonye ivyo yabashije gushira ku rubuga rwa Twitter, yidoga.

Akoresheje urubuga rwiwe rwa Twitter, umuririmvyi Alvin Smith yasavye ikinyamakuru Akeza ko cohagarika kwama kivuga ku baririmvyi bamwe gusa, ahubwo kikaraba ko coshirako n’abandi baririmvyi ku mbuga gisanzwe gikoresha mu kumenyesha amakuru.

Uwo muririmvyi yagize ati : ” Akeza net harabantu yamiza kuri page yabo Sat b, Double jay, Kirikou ebana mwisubireko turabirushe yaco muvangura abaririmvyi ❌”

Abakurikirana urwo rubuga ntibaretse nabo kugira ico bashikiriza, aho bamwe bamusavye gukora cane kugira nawe bamwamizeko, kuko kubw’uwitwa Nziza Don Damiel, ngo bishoboka ko ico kinyamakuru kitarabona ico kivuga kuri uwo muririmvyi hamwe n’abo bandi bataravugwa.

Alvin Smith yanabwiwe ko abo baririmvyi yavuze ko bamiza kuri ico kinyamakuru ngo ari abaririmvyi bakora cane kumusumvya. Nayo abandi bamwibutsa ko nawe ahora ashirwako rimwe na rimwe.

Mu babashije kandi kugira ico bavuga kuri urwo rubuga, harimwo n’abamubwiye ko nawe bimaze kuboneka ko umumenyeshakuru Yago wo mu gihugu kibanyi c’Urwanda amushigikira cane.

Naho atashigikiwe na benshi mubo twabashije kubona bagize ico bavuga kuri iyo tweet yiwe, abandi babashije kugira ico bashikirije, bakaba bamushigikiye muri ako kidogo kiwe, ko babona ko ico kinyamakuru kivuga abo baririmvyi bake gusa.

Ivyo biri uko mu gihe uwo muririmvyi aheruka gushira ahabona akaririmbo yakoranye n’umuririmvyikazi w’umunyarwanda Bwiza. Iyo ndirimbo ikaba imaze kurabwa incuro zirenga 100,000 ku rubuga rwiwe rwa YouTube mu gihe c’imisi iri musi y’7 isohotse.

Mwomenya ko ukwo kwidoga kutari ukw’uno musi gusa, kuko no muri kahise atari aka kure hari n’urubuga rw’umumenyeshamakuru Ndayahoze rwidogewe ko ruvuga cane umuririmvyikazi Natacha gusumba abandi baririmvyi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775