BurundiEntertainmenthomepagekirundikirundi_Sportsmusic

Channy Queen yashikanye ico yemeye

Rwa rukurikirane rwa Channy rwariko ruvugwa ko ruzoshirwa ahabona, rwaramaze kuboneka ku mbuga zigurisha umuziki, nk’uko yari yavyemeye ko izoshirwa ahabona kuri uyu wa 30/11.

Ivyo twabashije kubona n’uko urwo rukurikirane rwitiriwe Colors “Amabara mu Kirundi”, rushobora kuzokundwa cane, kuko mu mwanya muto, rwabashije gukurikiranwa n’abatari bake kuri izo mbuga.

Aho twabashije kubona ibiharuro nko kuri Boomplay, urwo rukurikirane mu masaha 24 gusa rushizwe ahabona, rwabashije kwumviriza incuro zirenga 1700, kandi akaba ata rubuga rwiwe bwite rwari rusanzwe ruhari kuri Boomplay.

Tubibutsa ko uwo muririmvyikazi muri izo ndirimbo 6 zigize urwo rukurikirane yabashije gukorana n’abaririmvyi 2 barimwo John Kev hamwe na B Bace.

Uwo muririmvyikazi akaba ashize ahabona urwo rukurikirane inyuma y’umwaka urenga adashira ahabona indirimbo n’imwe. Iya nyuma ikaba ari iyo yari yise Queen imaze kurabwa incuro 5000 ku rubuga rwiwe rwa YouTube. Urwo rubuga rukaba rukurikiranwa n’abarenga gato 600.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 888