BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Uwufise musi y’imiriyoni 10, ntaronderera kwa Sat-B

Uwudakwiza imiriyoni 10 z’amafaranga ya hano iwacu, ngo ntari mu gitigiri c’abazosubira guhamagara umuririmvyi Sat-b ngo akore igiteramo. Ivyo biheruka gushikirizwa na Sat-b ubwiwe ku mbuga ngurukanabumenyi asanzwe akoresha.

Uwo muririmvyi abishikirije mu gihe uwundi mugenziwe Big Fizzo, bizwi ko hagati yabo hasanzwe hari icuka kitari ciza, naho bisa n’ibiriko birahinduka kuko batanguye gushigikirana, we yaheruka kumenyesha ko ari imiriyoni 5 atazoja musi.

Sat-b akaba mu misi iheze yari yarigeze gushikiriza ko ugucira amafaranga make mu biteramo, bituma bagwanira isoko na batoya biwe nabo bakiriko barirondera.

Ico gihe Sat-b yamenyesha ko azohora aja mu giteramo ahamagawe n’umuntu ashobora kumuhemba neza. S’ico gusa Sat-b akaba yanamenyesha ko aho ageze ari aho kwubahwa, apana kugenderwako.

Big Fizzo we mu kiyago yagiranye na Juste Gael, yamenyesheje ko ataronse ayo azoba yipfuza atazohaguruka aho yicaye, kuko ngo gushika ubu ashobora gutungwa n’utwo aronka akuye kuri za mbuga zigurisha umuziki, kandi ngo tumuhagije.

Ivyo bikaba bitakiriwe kumwe n’abafana, kuko hari abamushigikiye ko yafashe ingingo nziza yo kuja kuduza ivyo biciro. Abo nyene bakaba bavuga ko ari inzira nziza yo guha agaciro ibikorwa bakora.

Abandi bajanisha muri iyo nzira nyene bakaba babona ko abaririmvyi ba hano iwacu bari bayakwiye, kuko n’abanyamahanga barayahabwa ayarenga ayo.

Muri abo bamukurikirana bariko barababa 300,000 ku rubuga rwa Facebook rwiwe, harimwo n’abaterekwa iyo ngendo, aho bavuga ko uwo muririmvyi inzara niyamwica n’ayari musi yayo azoyakira. Abo babibona kumwe bakamubwira ko we asa n’uwagahaze, ngo abandi batakeneye ntibazoyagera umutwe.

Uwo muririmvyi yabwiwe kandi na bamwe mu bamukurikirana kuri urwo rubuga ko yibutse kwifuka bwakeye, kuko amafaranga Big Fizzo ngo yayamaze, kuko we iyo ngingo ngo yayifashe kuva kera.

Ku kijanye n’uguhembwa mu biteramo, Big Fizzo nawe yaheruka kubivugako mu kiganiro Umukubito, ko abategura ibiteramo baramutse bashimye guhemba neza abaririmvyi b’abarundi, ngo nta nkeka ibindi bizohinduka kandi vuba cane.

Naho iciyumviro ari ciza, hari abavuga ko ivyo biharuro bitazokworoha, kuko abatanga amafaranga ari abadandaza kandi baba bakeneye inyungu. Kubw’uwo twabashije kwumva, avuga ko atawuzoyamuha mugihe adahise icemezo ko yoyagarukana aramutse ayamuhaye.

Izi mpari rero zishitse mu gihe hagize igihe hariko havugwa cane abaririmvyi b’abanyarwanda bamaze kuba benshi baza mu gihugu cacu kuyora amafaranga yo mu biteramo.

Abatari bake bakaba babona ko abategura ibiteramo hano iwacu bohagarika guhamagara abanyamahanga ahubwo amafaranga bakayaha abaririmvyi ba hano iwacu.

Mu biheruka gushikirizwa ku kibazo cari cabajijwe na DJ Paulin, hakaba hari abasavye ko abategura ibiteramo ngo boraba ama Miliyoni ashirwa mu baririmvyi b’abanyamahanga yohindukizwa agashirwa mu barundi. Bakizeza ko mu gihe gito abo baririmvyi b’abarundi bagayitse, ngo bazoheza bakagira Ijambo.

Ivyo bishikirijwe mu gihe bose uko Ari 2 bariko bategura ibikorwa mu gisagara ca Bujumbura, bitavuzweko rumwe na Bose kubera amafaranga yo kwinjira muri ivyo bikorwa bariko barategura.

Nta wuzi ko ari ugupinzanya hagati y’aba baririmvyi bagize igihe bavugwako Ayatari make, kuko bose uko ari 2 badahengeshanya gusesa irangi ry’akaramu kuri izo mbuga bivanye n’ivyo baba bashikiriza.

Mukibuka ko abo baririmvyi bose uko ari 2 ata n’umwe yemeza ko afitanye ikibazo n’uwundi, kuko bose bavuga ko babariraniye kandi ko uguteza imbere umuziki arivyo bibaraje ishinga gusumba gushwana n’uguterana amajambo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775