BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Kigingi ngo ntibarabemera

Akazi ko gutwenza abantu ngo n’ubu abantu ntibaratahura ko ari akazi mu tundi, kandi ko gashobora kugutunga, kakanagutungira umuryango. Ivyo Kigingi yasubiye kandi kubivugako muri Raoul Comedy Garage yabaye kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 11/12 kuri Miki Club.

Ako kababaro Kigingi yasubiye kukerekana mu nkuru yateye abari bitabiriye ico giteramo, aho umukozi wiwe ngo yagize amakenga menshi ko ashobora kutazohembwa kubera akorera Kigingi.

Uwo mukinyi yaheruka i Kigali mu giteramo, Seka Live, gisanzwe kiba buri mwaka, akaba yasavye abantu kuzirikana ako kazi bakora ko gutwenza abantu.

Kigingi si irya mbere yerekanye akababaro agira kubera ko badafata nka nkama ako kazi bakora, kandi akaba atari wenyene kuko na Mugenziwe Senganzi nawe amaze kwerekana akababaro yatewe n’abatubaha ako kazi.

Senganzi akaba mu kiganiro yigeze guha umwe mu ba YouTubers ba hano iwacu, yamenyesheje ko hari igihe baronderwa ngo bazoje kuryohera abantu mu manza, bavuga ibiciro uko bihagaze, bagaterwa amabuye, kuko ababa bashaka kubatumira bavuga ko ayo mafaranga ari menshi cane.

Mukamenye ko Kigingi asanzwe ari umwe muba Humouriste bakunzwe hano iwacu, akaba yatanguye kuba rurangiranwa kuko yatanguye kwerekeza ku yindi migabane mu biteramo bitandukanye aba yatumiwemwo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775