BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Agahaze mu gashahara keza k’abaririmvyi Kari muri Leta

Dj Paulin avuga ko agahaze ngo haboneke ama Sponsor mu ma Company ya hano iwacu ngo Kari muri Leta y’Uburundi.

Mu kiganiro na Juste Gael, Bizimana yavuze ko abategura ibiteramo naho barabishwako urutoke ngo bahemba amahera make abaririmvyi, ngo sibo ikibazo giherereyeko kuko ntibashobora gutanga ayo batagira.

 

Abantu batari bake babagiriza guhabwa ama Sponsor hama bakagovya, ntibahembe neza abarundi, ahubwo bagahemba abanyamahanga, Dj Paulin avuga ko atarivyo na gato.

Muri ico kiganiro Paulin yavuze ko atama Sponsor bahabwa, ngo n’abayatanga bayatanga bagonanwa bakanatanga make cane. Abantu ngo baramaze kwishiramwo ibintu bituma babona ko bahabwa amafaranga, mu gihe ata n’urukoroka baba bahawe.

Dj Paulin yatanze akarorero ka after Party ya Rallye Ngozi aheruka gutegura, aho ata n’umu Sponsorer n’umwe yarafise. Akaba avuga ko amaze guhomba akatari gake muri ivyo bikorwa vy’ugutegura After Party.

Dj Paulin nk’uwusanzwe ategura ategura ibiteramo akaba avuga ko agahaze gakwiye kurondererwa mu butegetsi.

Dj Paulin muri ico kiyago yavuze ko atahura cane abadatanga ama Sponsor, kuko ngo bibaza igituma botanga amafaranga yabo boshize muri Marketing noneho bakayaha abategura ibiteramo.

Uwo mugabo yavuze ko igituma ahandi bayatanga ari uko ayo mafaranga agira ikintu abungura. Akaba yatanze akarorero ko aho hanze amahera atanzwe muri Sponsoring ahezwa agakurwa mu makori uwo muntu yatanze azocibwa na OBR zo muri ivyo bihugu.

Uwo mugenzi nkuko Dj Paulin abishikiriza, ngo ngaha iwacu nta wuhari. Ico ngo kikaba arico gituma abotanga ama Sponsor hano iwacu bakwega Ibirenge.

Ivy’ayo mafaranga ahabwa abategura ibiteramo bikaba bisubiye kuvugwa inyuma yaho Sat-b na Big Fizzo bashiriye akaruru ku munwa. Abo baririmvyi uko ari 2 bakaba bashizeho igitigiri batazoja musi ku gahembo kabo ko kuri buri giteramo.

Big Fizzo aheruka gushikiriza ko ari imiliyoni 50 z’amafaranga ya hano iwacu, nayo Sat-B ngo n’imiliyoni 10.

Ayo mafaranga ngo nta muririmvyi n’umwe arabasha kuyahembwa hano iwacu. Uwumaze guhembwa menshi gusumba abandi ku giteramo kimwe ngo ni Kidum gusa, naho nyene Dj Paulin akaba yashikirije ko ari mu gihe c’ibiteramo bitegurwa na Brarudi.

Naho havugwa ko ayo ma Miliyoni adashobora guhembwa abarundi, abanyamahanga bo ntibareka kuyahembwa bahamagawe hano iwacu.

Uwuheruka n’umunya Nigeria bivugwa ko yahawe Imiliyoni 150,000, Israel Mbonyi buca akorera igiteramo hano iwacu mu mpera z’umwaka, bikaba bivugwa ko azohembwa 35,000$ arenga gato 120,000 mu biteramo 2 gusa azokora, n’abandi batari bake bamaze kuza hano iwacu bakaba bahembwa ayatari make. Ayo mafaranga akaba aca agenda uko ata n’ikori atangiwe hano iwacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775