africa newsAmatora 2020CongohomepageIndundi Hits Showskirundi

RDC : Abantu barenga 100 nibo bamaze kwitaba Imana mu kiringo c’indwi 3

Ikiza ca Ebola kibandanya ciha inkumbi mu gihugu kibanyi ca Congo aho mu ndwi 3 gusa kimaze guhitana abarenga 100, mu buraruko bushira ubuseruko bw’ico gihugu.

Abantu barenga 100 baramaze guhitanwa n’ikiza ca Ebola mu gihugu kibanyi ca Congo mu kiringo c’indwi 3 gusa, nkuko ibiharuro bishikirizwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri ico gihugu bivyerekana.

Ico kiza catanguriye mu ntara ya Nord Kivu, noneho kiza kwungururiza i Mangina, none ubu kigeze i Butembo-Katwa ku bilometero 50 vy’igisagara ca Beni, aho abantu batari bake bariko barahunga.

Kuva ico kiza gitangura muri ico gihugu, mu kwezi kw’8, abarenga 700 nibo bamaze kwitaba Imana. Nayo abarenga 95,000 bo bakaba barabashije guhabwa urucanco rwayo nkuko bibandanya bishikirizwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu.

Ico kiza kikaba kiza mu kibanza ca kabiri mu bimaze gutwara abantu benshi, inyuma y’icahitanye abarenga 10,000 mu mwaka wa 2014 muri Guinée, Liberia na Sierra Leone.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755