BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Big Fizzo ngo yoba atarishwe muri Party People

Nelly Nat ngo yizere ko Big Fizzo yahawe agafaranga gakwiye kugira aririmbe muri Party People yo kwa Dj Paulin.

Ico Nico kibazo uwo munyarusaku wacu yagize, anagishikiriza ku rubuga rwa Whatsapp akunze guteramishako abamukunda urusaku ashikiriza.

Uwo mwigeme haheze akanya gato ashize ahabona ayo majambo, ntiyaretse gushira ahabona bimwe muvyo yariko abwira n’abafana, aho bamwe biboneka ko bariko bamubwira ko Big Fizzo yoba yagiye kuririmba atarishwe.

Ivyo uwo mwigeme akaba ashobora kuba yabishikirije kubera ibiheruka gushikirizwa na Big Fizzo, naho vyagiye bihindagurika uko imisi yagenda.

Big Fizzo yari yatanguye gushikiriza ko atazoja musi y’Imiliyoni 50 z’amafaranga y’amarundi kugira bikunde aje mu biteramo vyatumiwemwo abanyamahanga.

Haheze imisi, uwo muririmvyi yaciye yongerako ko aramutse aserutse mu giteramo catumiwemwo abaririmvyi ngo azohora asaba amafaranga angana n’ayahawe abaririmvyi b’abanyamahanga.

Ico giteramo bivugwa ko yoba yaririmvyemwo atarishwe, ngo ni igiteramo atari kuri affiche, ahubwo hariko abaririmvyi b’abarundi n’abanyarwanda batandukanye barimwo Juno Kizigenza na Davis D bakomotse mu Rwanda, na Alvin Smith na Drama T ba hano iwacu.

Mu mafoto yabashije kuboneka, Big Fizzo yabashije kuboneka ariko aririmbana n’umuririmvyi Davis D. Abo uko ari 2 bakaba baheruka gushira ahabona Indirimbo nshasha yabo.

 

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775