BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Yago Tv show igiye gukorera n’i Burundi

Yago ngo muri uno mwaka wa 2023 agiye gutangura content kuri rwa rubuga rwiwe rwa YouTube rwiwe arirwa Yago TV show, aho azokorera na hano iwacu I Burundi, nkuko aheruka aheruka ku bishikiriza.

 

Kuri uyu wa gatatu, uwo mugabo W’umunyarwanda azwi cane kubera urwo rubuga rwa YouTube rwiwe akoresha, yamenyesheje ko hari content nshasha agiye gutangura gukora muri uno mwaka wa 2023.

Nkuko yabishikirije muri ico kiganiro yashize kuri urwo rubuga nyene, uwo musore ngo iyo content izoba ihagaze ku kwerekana ibibanza bitandukanye vyiza vyiza vyo mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Naho asanzwe akorera ibikorwa bitari bike I Kigali, uwo musore yavuze ko iyo content itazohagarara cane gose ku Rwanda gusa, ahubwo ngo azokwagura anakorere mu bihugu bindi nk’Uburundi, Tanzania, Uganda, canke Kenya.

Ivyo uwo musore wakaba abishikirije inyuma yaho akoreye hano iwacu ibiganiro bitari bike, Aho yabonetse aganira n’abaririmvyi batandukanye hano iwacu. Bamwe bamwe bakaba banamwagiriza kuba ashobora kuba anahengamira kuri bamwe abandi ntaberekwe.

Yago akoresha urubuga rwa YouTube rwitwa Yago Tv Show, akaba Ari umuririmvyi n’umuririmvyi nkuko biheruka kuboneka, ubu akaba ageze ku ndirimbo 2 amaze gukora, Kandi bikaba biboneka ko ata mugambi afise wo guhagarika, ahubwo akaba azobandanya ashirako n’izindi mu gihe kitari ica kure gose.

Yago akaba Kandi afise urubuga rwa YouTube rugaruka cane ku makuru y’umuziki ruri mu bibanza nka 3 vya mbere mu mbuga za YouTube zo muri ico gisata zikurikiranwa cane gusumba.

Yago Kandi ku batabimenye akaba mu mwaka wa 2022 urubuga rwiwe rwa YouTube rwarahagaritswe igihe kitari gito, aho havuzwe amajambo atari make, aho vyagirijwe abatari bake ko boba aribo babikoze kugira yugarwe.

Yago akaba ageze ku bamukurikirana kuri YouTube bariko barababa Ibihumbi 500.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775