BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Channy Queen Ati jewe na Lolilo nta mwana dufitanye

Inyuma y’imyaka itari mike abarundi bazi ko umwana wa mbere wa Channy Queen ari uwa Lolilo, ngo bwa bundi s’uwiwe. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Chany ubwiwe.

Iryo jambo ryashikirijwe n’uwo muvyeyi w’abana 2, rikaba gushika kuri ino Saha dukora ino nkuru ryabaye iciro ry’umugani hirya no hino ku mbuga ngurukanabumenyi.

Abantu batandukanye bakaba batanguye kugira ico bashikiriza kuri iyo nkuru isa nkaho ari incamugongo ku bafana batari bake b’uwo muririmvyikazi co kimwe n’uwo muririmvyi yihakanye izuba riva.

Nkuko twabashije kubibona, iyo nkuru yuko uwo mwana atari uwa Lolilo yahavuye yemezwa na bamwe bamwe ku mbuga ngurukanabumenyi ko abantu bamwe bamwe bari basanzwe bazi ko uwo mwana atari uwa Lolilo.

Abandi nabo bakaba bibajije igituma vyoba bivuzwe muri ino misi, abandi bakibaza ico ivyo bakuze babona vyari bigamije mu gihe uwo mwana atari uwa Lolilo.

Mu babashije kugira ico bashikiriza hari abavuze ko ico Channy Queen yavuze arico, kuko umwana amenywa na nyina. Ngo bishoboka ko ashobora kuba yarakabitse igihe kitari gito, none ngo hageze ko agashira ahabona.

S’ico gusa hari n’abandi bashikirije ko uwo mwana atari uwa Lolilo, ahubwo ari uw’umwe mubavukanyi ba Lolilo, Kandi ngo ivyo yari asanzwe abizi kuva kera uwo muririmvyi.

Muri abo bashikirije ico bibaza, hari abahanuye uwo muririmvyi Lolilo kwihangana ariko Kandi no gukoresha ADN kugira hamenyekane vyukuri nimba ari uwiwe.

Lolilo gushika ubu ntaragira ico ashikiriza kuri iyo nkuru, abantu bamwe bamwe bakaba banatanguye kwibaza ico uwo muririmvyi avuga kuri iyo nkuru.

Naho atakiravugwa, ikizwi co n’uko uwo muririmvyi hari abashikirije ko mu biganiro yagiye atanga ashikiriza ko Channy yamuciye inyuma ngo ntivyari yibaza ko uwo muririmvyikazi nawe azohava akava mu gacerere noneho akagira ico avuga.

Chany Queen muri ubwo butumwa yatanze akaba yanahakanye ko Hampande yo kutavyarana ngo we na Lolilo batanakundanye, mu gihe muri Interview yahaye Bagenzi bacu ba Platform show yashikirije ko we na Lolilo batandukanye kera.

Gushika ubu nta wuzi vyukuri ico ayo majambo yashikirijwe na Channy Queen yoba agamije, co kimwe n’igituma uwo muririmvyikazi abishikirije inyuma y’imyaka hafi 15 abitse iryo Banga.

Ikizwi co n’uko Channy Queen abishikirije mu gihe Big Fizzo yaheruka gushikiriza ko uwo muririmvyikazi atazi ivyo arimwo, Kandi ko bashatse kumwinjiza muri Bantu Bwoy ariko bagasanga ntari Serieux mu kazi aba arimwo, kikaba arico coba catumye uwo muririmvyikazi ataba mu ba mbere baja muri Bantu Bwoy igitangura, haraheze imyaka 5.

Ikindi Mwokwibuka ni uko uwo muririmvyi afise Album iri ku mbuga zigurisha umuziki, iyo Album ikaba yiswe Colors, akaba ata ndirimbo n’imwe irakorerwa amasanamu. Imvo ngo kwoba ari ukubura uburyo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775