BurundiEntertainmenthomepagekirundikirundi_Sports

Ukuvyuka kare kwa Amb. Francine Niyonsaba kuramugarutse

Ibiheruka gushikirizwa na Amb. Francine Niyonsaba birarikoroje ku mbuga ngurikanabumenyi. Sat-b na Simbizi wa Semavumba nabo ntivyabasize batabivuzeko.

Mu gihe Ambassadeur Francine Niyonsaba yaheruka gushikiriza ko abantu bari bakwiye kuvavanura n’ukuvyuka isaha 4 z’agatondo, bakidoga ko ata kazi bagira, ahubwo barabe bavyuke kare, kuko ariyo nzira yo kugwanya ubukene, ariko abandi bo siko babibona.

Simbizi wa Semavumba, we yavuze kuri Facebook ko we avyuka isaha 4 agiye kurya ayo yakoreye noneho akabona kuja kurima n’ukwimbura ayandi.

Uwo mugabo agize imisi avugisha benshi, yavuze ko agize imisi yiga umugambi wo gukora umwamvu uvuye mu ngorane. Ariko ntiyashikiriza nimba izo ngorane ari izo abantu canke yashatse kuvuga ibijumbu kuko navyo bigeze kuvyita ingorane.

Ayo majambo Sat-b ntiyayihanganiye, noneho aca yandika akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook muri Commentaire amubaza nimba yoba yaragiye kwivuza. Naho yashikirije amajambo make, akaba yashatse kumwereka ko ariko avuga ibintu vy’abasazi.

Ayo majambo akaba atahereye aho, kuko bayamusubiriyemwo aho yasangiza abantu amashusho yiwe ari mu mazi akanye, kugira ashobore gusubirana umubiri wiwe, ahagarike ububabare.

Mu babashije kugira ico bashikiriza muri Commentaire, bamwe bamushigikiye, bavuga ko biboneka ko ivyo amaze gushikako atari ivyizanye, ahubwo ari ibintu yarondeye Kandi umwanya utari muto, mu gihe abandi Kari agatwengo gusa.

Rya Jambo ry’ukuvyuka kare, ryahavuye rigaruka, aho hari uwavuze ko uwo munonotsi wacu atoroshe, ngo kuko ubu twoza twumva ko uwutaja mu mazi akanye, ngo adashobora gutera imbere.

Ku batabibonye, abantu batari bake bakaba batamushigikiye, kuko ngo hari abazinduka ariko ntibagire ico baronka, abandi nabo bakaba bavuze ko nawe yarakwiye kuzinduka kurondera umugabo kuko nawe akenewe, abandi nabo bakavuga ko yivugisha, kuko ngo agira muri V8.

Uwo munonotsi ntiyaretse nawe kugira ico ashikiriza, kuko yavuze ko we ubutumwa yashikirije bwashitse Kubo yashaka ko bushikira. Vyerekana ko amajambo mabi canke atubaka bariko bamuvugako we ataco yamubwiye.

Mwomenya ko Francine agize imisi ariko arashikiriza amajambo atandukanye ajanisha guhanura aba na bariya ku bijanye n’ukwiteza imbere n’uguteza imbere igihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 888