abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Saidi Ntibazonkiza azoboneka mu rukino ruzobahuza na Raja Casablanca

 

Ububabare Saidi Ntibazonkiza yari amaze imisi afise mw’ipfundo ry’ukuguru kw’iburyo bwatumye ataboneka mu mu rukino rwa Horoya Fc bwaheze .

Umukinyi w’Intamba mu rugamba Saidi Ntibazonkiza agiye kuboneka mu rukino rwa kabiri rwo mu matsinda ya CAF Champions League rugiye kubahuza na Raja Casablanca ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2023 isaha imwe y’ijoro (19h00) ku kibuga ca Mkapa kiri mu gisagara ca Dar Es Salaam .

Ivyo bikaba vyemejwe n’umuvugizi wa Simba Sc Ahmed Ally mu kiganiro yaraye ahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 14 Ntwarante 2023.

Mwomenya ko Saidi Ntibazonkiza ari umwe mu bakinyi ngenderwako b’umurwi wa Simba Sc , akaba ari nawe yatahukanye agashimwe k’umukinyi wa Simba Sc yaranze ukwezi kwa Nzero 2023.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321