Entertainmenthomepagekirundi

Umugozi wo mw’izosi wa Sat-B wateje uruhagarara

Umugozi wo mw’izosi bakunze kwita Cravate mu kinyamazuru wa Sat-b wateje uruhagarara Kuri Facebook.

Inyuma yaho uwo muririmvyi wacu abonetse yambaye uwo mugozi, ku musi wa gatanu aho bari baramutse bakorera igiteramo Kuri centre Jeune Kamenge, abantu batanguye kwibaza nimba ariwo mugozi wo mw’izosi bafise wonyene muri Empire Avenue, noneho bagatizanya canke ari myinshi.

Ama FOTO atandukanye yashizwe ahabona, noneho arafatanywa, aho uwo mugozi uboneka wambawe wa Sat-B, ukaboneka wambawe na Kent P Manager wiwe, ukaboneka Kandi wambawe w’umwe mu bamucungera umutekano.

Abatari bake bakaba babuze ico bavuga Kuri uwo mugozi w’uwo mugabo avuga ko aharurwa mu bagwizatunga ba hano iwacu.

Ayo makuru akaba avuzwe inyuma yaho abandi nabo bibajije igituma haguma haboneka ikoti imwe gusa mu bibanza bitandukanye Sat-B agize imisi abonekamwo yambaye . Nko Kuri uwo mugozi, naho nyene abantu bakibaza igituma Sat-B adahindura ikoti.

Aya makuru avuzwe inyuma yaho hamenyesherejwe ko uwo muririmvyi aheruka kwugurura agence de Voyage, akaba mu mugambi wo gushigikira, baheruka guha itike y’indege 1 abariko bategura igiteramo cabonetsemwo Umuririmvyi W’umunyarwanda Kenny SoL.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769