abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Youssouf Ndayishimiye ngo niwe ashobora kwugurura inzira y’abandi bakinyi b’abarundi

 

Youssouf Ndayishimiye yaraye akoze ikiganiro ciwe ca mbere mu gihigu c’ubufaransa .

Hari ku musi wa gatatu igenekerezo rya 1 Ntwarante 2023 , aho umukinyi w’umurundi Ndayishimiye Youssfu Nyange yakora ikiganiro ciwe cambere mu bufaransa .

Ari kuri micro y’abamenyeshamakuru yavuze ko yahisemwo gukinira umurwi OGC Nice bivanye n’uko wamweretse imigambi myiza kurusha iyindi mirwi yamwipfuza . asubira kandi avuga y’uko umuyobozi w’inkino wa Nice Florent Ghisolfi bahora bayaga akatari gake .

Abamenyeshamakuru bongeye baramubaza ikibanza yipfuza gukinishwako mu kibuga akaba yishuye ati ‘’ Jewe aho umumenyereza anshira hose niho nkina . Naho yonkinisha ku ruhande rwo kuzibira ku numero zibiri ndahakina atangorane ‘’

Youssouf Ndayishimiye yaravuze kandi ko ata bakinyi benshi b’abarundi baza gukina ku mugabane wa buraya , nanje n’amahirwe naronse yo gukina mu murwi ukomeye nka OGC Nice , kuba ndi ngaha rero abantu babona Uburundi.

Nyange avuga ko yipfuza kwandika amateka mu bufaransa ku buryo umurundi wese bizomworohere .

Abajijwe umukinyi yamutanganje cane kuva ashitse muri uwo murwi, yavuze ko ari Hicham Boudaoui umu Algerien asanzwe akina ku numero 6 : ‘ ‘ Ni umukinyi ataruha , aguma yiruka ikibuga cose kandi akinisha ubwenge ‘’

Mwomenyako kuva Youssouf Ndayishimiye ashikiye muri OGC Nice uwo murwi utaratakaza n’urukino na rumwe mu nkino 7, batsinze 6 banganya 1.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 321