Entertainmenthomepagekirundi

Na Double Jay baramuhindura nkuko bagize Bwiza?

Mu gihe hasigaye imisi iharurwa ku ntoke ngo igenekerezo rya 11 ntwarante rigere abaririmvyi Double Jay na Bwiza bateramishe abakunzi babo bo mu gisagara CA Lyon mu Bufaransa, gushika ubu nta numwe muribo arahonyoza ikirenge mu Ku butaka bw’ufaransa.

Amakuru ava i Kigali, avuga ko umuririmvyikazi Bwiza we atarabasha kubona Visa imuha uburenganzira bwo kwinjira Kuri uwo mugabane w’Uburayi. Uwo muririmvyikazi akaba yarafise igiteramo Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 4/3 mu gihugi c’Ububirigi, ariko akaba atazojayo.

gushika ubu nta kiravugwa ku ruhande rw’igiteramo kizobera mu bufaransa, nimba Double Jay we yiteguye neza, canke nawe atazohava ashobora kurenguka mu Bufaransa.
Double Jay gushika ubu ntarashikiriza ko azojayo, canke atazohonyozayo ikirenge, eka mbere no ku ruhande rwa Kigali Life babatumiye n’abo ntibarabasha gushikiriza uko bihagaze.
Biramutse bishitse bagahindura nkuko vyakoretse ku giteramo co mu bubirigi, abaririmvyi b’abarundi bagezweho babarizwa Kuri uwo mugabane muri ino misi, harimwo Big Fizzo, hamwe n’abandi nka Ado Josan abarizwa muri Finland.
Aya makuru atanguye gushirwa ahabona mu gihe abafana batari bake bari bagize imisi bavuga ko bataryohererwa abaririmvyi bashira ahabona ibiteramo bafise ku mugabane w’Uburayi Kandi batararonswa ama VISA.
Drama T afise igiteramo mu Bubirigi nyene mu mpera z’ukwezi Kwa 5, akaba yaheruka gushikiriza ko nawe atarabasha kuronswa VISA, ariko ko ngo afise gahunda yo mu misi ya Vuba.
Uwundi arindiriwe Kuri uwo mugabane ni Kidum nawe ategerejwe mu bubirigi mu ntango z’ukwezi kw’5, mu bariko barakorana nawe, hakaba habonetsemwo umugabo yitwa Kiyoyo Juma yigeze kuba akorana n’abaririmvyi batari bake ba hano iwacu mu kuzunguruka bakora ibiteramo hirya ni hino kw’isi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769