Umurwi Police Fc wo mu cicaro ca mbere mu gihigu c’Urwanda woba wamaze kwumvikana na myugariro w’Intamba mu rugamba asanzwe akinira umurwi Rayon Sports ariwe Ndizeye Samuel .
Ku makuru dukesha ikinyamakuru Yegob co mu Rwanda canditse ko uwo myugariro w’Umurundi amaze kwumvikana na Police Fc , mbere akaba arindiriye ko amasezerano yiwe ahera .
Samuel Ndizeye bikavurwa ko yoba amaze no gushira umukono ku masezerano yo gukinira uwo murwi.
Bikavurwa kandi ko Ndizeye Samuel kuva kera yakunda umurwi Police Fc ariko akabura umuntu amuganiriza .
Indundi Sports yarondeye Ndizeye Samuel kugira atange umuco kuri ivyo biriko biramuvurwako akaba yatwishuye ko ayo makuru atariyo .
Mwomenya ko Ndizeye Samuel amaze igihe abazwe urutugu gushika ubu ataratangura imyimenyerezo n’abandi bakinyi b’umurwi Rayon Sports .