Entertainmenthomepagekirundi

Big Fizzo agiye kuboneka mu gisagara ca Bujumbura nubwo vyari bigihishijwe

Umuririmvyi Big Fizzo amaze igihe kitari gito ku mugabane wa buraya, aho benshi vyagumye bibayobera kugira bamenye n’ikiringo nyabaki agiye kumarayo hoho nigiki camujanyeyo vyose bikabata kuwamazi wewe harico warubiziko?

 

Nubwo biri uko vyari bimaze kunurwa nurwa numwe mubagenzi biwe bahafi yiwe Egidelogi ndetse n’umutambukanyi wiwe Edith Kimana.

Egidelogi mu majambo yakoresheje yavuze KO yumva akamoto k’umu Star yemera mu Burundi yuko vuga agiye k’umubona.

Umutambukanyi wiwe nawe yavuze ngo ahobigeze harageze yuko uzakudutora .

Ikibazo duca twibaza duti mbega rwoba ari urukumbuzi rw’umuryango wiwe rutumye aca akwakwanya kuza canke amahera yahawe niyo yatumye vyoba ngombwa ko yogaruka mu gihugu vuba bwango?

Ikimaze kumenyekana nuko yongewemwo mu baririmvyi twari tumaze kumenyeshwa bazoteramisha abantu mw’iyugururwa icese y’ubunywero Guerra place uretse Vichou Love,D -one,Double Jay hiyongeyemwo na Big Fizzo

Tubibutse ko Double jay na Big Fizzo bagiye guhurira kuri Stage imwe inyuma y’igihe kirekire Double jay atakibarizwa muri Bantu bwoy.

Ico giteramo kikazoba igenekerezo rya 7 Ndamukiza 2023 isaha 1 y’ijoro kukibanza nyene Guerra Plazza.

Kubwawe Igiteramo gihuriyemwo abo baririmvyi ugiha inguvu zingana gute?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 753