Entertainmenthomepagekirundi

Drama T ngo nasimbe imitego yatezwe Mb Data ntaze asezere DJ Paulin nkawe

 

Drama T ngo natigenza neza, ngo ugukorana kwiwe na DJ Paulin buca amutwara muri Amerika na Canada gukora ibiteramo, gushobora guhera nkuko vyagenze Kwa Mb Data yari mu kibanza agiye kugendamwo.

Ivyashikiye MB Data igihe yakorana na Amir Pro na DJ Paulin ngo bishobora gushikira Drama T nawe ataravye neza, ayo n’iyo makenga abatari bake bafise.
Mu kiyago DJ Paulin aheruka gukorana na Siren Vibe, yaratanze umuco Kuri ico kibazo, ariko akaba atagiye kure cane y’ibibazo abantu batari bake bibaza Ku buryo uwo Mugabo akorana canke yakoranye n’abo baririmvyi Drama T na Mb Data.
Muri ico kiganiro DJ Paulin yavuze ko atarí Manager wa Mb data, ngo ico yakoze gusa kwari ukumufasha mu bifadika, ariko Kandi akanafata umwanya wo kumuhanura ku bintu bitandukanye y’aba ariko arabona, ngo Manager wa Mb data yari Amir, gusa nuko uwo mugabo asanzwe afise ukuntu atavuga cane, ngo abantu baca babona ko DJ Paulin ariwe Manager wiwe.
Ubwo buryo nyene yakoranyemwo na MB Data akaba ari nabwo akoranamwo na Drama T kuko ngo ata hantu na hamwe bandikiraniye ko ari Manager wiwe, ngo ico akora n’ukumufasha haba mu bifadika, ariko no kumufasha mu kumuhanura kugira abashe gutera imbere, ubona ko no mu myaka asanzwe amurusha cane, eka mbere no mu burambe mu runo rudandazwa rw’umuziki.
Abajijwe na Hosy irakoze ko atazohava avana na Drama T nkuko vyagenze na Mb data, uwo mugabo ariko arafasha abaririmvyi batandukanye ngo babashe kuja mu biteramo I Buraya, Amerika na Canada, ntiyabihakanye ngo uwo musore aramutse ahisemwo gufata inzira yafashe mugenziwe MB Data, ngo nta nkeka nawe bazohana ukuboko.
Mu bindi biganiro yakoze Dj Paulin akaba yamenyesheje ko uwo Muririmvyi MB Data inzira yafashe yo kuja kwidogera Kuri za Instagram na Facebook, ngo atariyo nzira nziza yo kuronka ivyasigaranywe na Management yakoranye nayo, ahubwo ngo inguvu yakoresheje abatwara mu butungane, ngo nayikoreshe mu kuja gusaba ikigongwe ngo nta nkeka ko ivyo basigaranye batazobimuha.
Aha mukibuka ko ikibanza kigira kigendemwo abaririmvyi Drama T, Vania Ice na Double Jay Baja gukora ibiteramo muri Amerika na Canada, ngo cari ikibanza ca Mb Data Imbere yuko ikiza casinzirije isi Imyaka 2, gitera, ariko ngo mu nyuma aca akora amarorerwa, ikibanza aba aragitaye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769