abakinyi bakina hanzefootballintamba murugambakirundikirundi_Sports

# Indundi Sports | Abize kuri Athené y’i Bujumbura baterereye imipfuko 2800 y’Isima ku kibuga Citiriwe Intwari

Abarundi batari bake barabandanya baterera ikibuga citiriwe Intwari kiri mu gisara ca Bujumbura.

Mu gatondo ko Kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 08 Ndamukiza 2023 Isaha 2 n’iminota 30 , niho abakunzi b’umupira w’amaguru , imirwi yo mu vyicaro vyose, yaba iy’abigize umwuga canke iy’ikina kugira yinonore imitsi , abaporisi bo mu gisagara ca Bujumbura n’abene gihugu bo mu gisagara ca Bujumbura bari baramutse bakorera ibikorwa rusangi ku kibuga citiriwe Intwari.

Ivyo bikorwa bikaba vyari vyatewe iteka n’Umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye hamwe n’Umutambukanyi wiwe , Umushikiranganji w’Urwaruka inkino n’imicokama Ezeckiel Nibigira , Uwuhagarikiye ibikorwa vyo kwubaka ikibuga Intwari Révérien Ndikuriyo, Uwurongoye Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Général de Brigade de Police Muyenge Alexandre n’abandi bubahwa batandukanye.

Inyuma y’ibikorwa rusangi umwe mu banyeshure bize k’ishure rya Athéné y’Ibujumbura ariwe Kerris Manirakiza yaboneyeho akaryo ko gushikiriza agaseke k’imupfuko 2800 y’isima, harimwo imifuko 1750 yatanzwe n’umurwi w’abize kuri iryo shure bashika kuri 15 harimwo n’Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye , imipfuko 400 yatanzwe na Société Ecofar , n’imifuko 350 yatanzwe na Jean Bosco Camirigwa n’abandi.

 

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yafashe ijambo ahimiriza abize kuyandi mashure nabo nyene KO boterera mu bikorwa bitandukanye vy’igihugu, yaba abize i Bujumbura hamwe no mu ntara hagati.

Mwomenyako Umukuru w’igihugu c’Uburundi yavuze ko azogaruka kuraba aho ibikorwa bigeze igenekerezo rya 30 muri kuno kwezi kwa Ndamukiza 2023.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 674