EntertainmentAkes Donhomepagekirundimusicmuzik na wasaniPassportUnicef Burundi

Boba Bazobandanya gukorana ko nka bose bahereye mu mahanga?

Inyuma y’igihe gito cane uyundi arakurikiye umuntu akibaza ko atoba ari intango yo kuzimanganya umugwi wabo kuko abari bawugize bariko baragenda kamwe kamwe.

Abo si abandi ni Swagg team isigayemwo imparugwa aho ubona ko kuja mu mahanga ishobora kuba intandaruko yo gutandukana kwabo, Ni mugihe uwaheruka kubasezera yari uwitwa Jolis benshi muzi nka Joli Swagg aho bakiva mugikorwa co kuririmbana n’umwigeme w’umugandakazi bagishika mu gisagara ca Bujumbura haciye umwanya urume rumara uwo musore yaciye afata Rutem’ikirere (Indege) yerekeza muri Reta zunze ubumwe za Amerika.


Mwomenya ko Jolis wa Swagg Team yarari mu rukundo n’umwe mubagize uwo murwi Tayanna , aho umurwi Swagg Team utigeze uhagarika gukora nubwo bari basigaye ari abasore batatu n’umwigeme umwe nk’uko vyari bisanzwe bimeze,

Mugihe hagaragaye ifoto kuri uyu wa 14 Ndamukiza 2019 ya bamwe mubagize uwo murwi aribo Chris na Tayana bari ku kibuga c’indege mpuzmakungu ca Bujumbura ivyo vyatumye haba amajambo menshi bamwe ngo Chris nawe arasize abo bari basanzwe barikumwe nk’umurwi , benshi mubakunzi b’umuziki w’umurwi swagg team bakaba babona ko ukuja mumahanga bamwe bagiye kubandanya amashure yabo abandi bagiye mubindi vyabo igiye kuba intandaro y’isambuka ry’uwo murwi

Aho tworangiza tubibutsa ko abo babiri bagiye basanga uwarasanzwe amaze mu mahanga igihe kitari gito Roxy King aho yagiye inyuma y’itunganywa ry’indirimbo bakoranye na Sat-b babatije “IMVURA Y’IBI BABY”.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769