abakinyi bakina hanzefootballhomepageintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Academy Didier Drogba mu gihugu c’Uburundi

Umurundi yamye akunda umukinyi rurangiranwa wa kera wa Cote d’Ivoire hamwe na Chelsea Didier Drogba yuguruye ishure ry’umupira w’amaguru mu Burundi aca aryimwitirira.

Hari kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 27 Rusama 2023 i Buganda ku kibuga Urunani kiri mu ntara ya Cibitoke , niho Umurundi yitwa Juma Nshimirimana yerekana icese abamenyshamakuru ishure ry’umupira w’amaguru yitiriwe izina rya Didier Drogba .

Juma avuga ko iryo shure ry’umupira w’amaguru yaryitiriye Dider Drogba bivanye n’inyifato yakoze mu gihugu ciwe ca Côté d’Ivoire agaca aba umukinyi rurangiranwa kw’isi yose, ari naco gituma yaciye yipfuza kumwitirira iryo shure .

Abajijwe ko yoba azinanye na Didier Drogba akaba yishuye ati’’ Didier Drogba ntabwo turavugana mugabo biransa nkibimaze kumuca mumaso kuko twaragerageje kuvugana n’abarongoye Fondation Didier Drogba ryo muri Côté d’Ivoire baraduha n’ivyo bakorerako vyinshi cane rwose .

‘’ Twaragerageje kuvugana n’uwuyirongoye ariko ntiturashobora kuvugana na Didier Drogba .

Juma akavuga ko intambamyi zozo zitabuze mu bikorwa vya misi yose , aca ashimira abavuka ntara bahora bamufata mu mugongo , hamwe na Jean Claude Karerwa yahoze ari umuvugizi w’Umukuru w’igihugu muri kino gihe ari umuhanuzi mu biro vy’umukuru w’igihugu aho yavuze ko ataco adakora atibagiye n’umu muvuka ntara nka Honorable Justin ndetse n’abandi basanzwe bavuka muri iyo ntara ya Cibitoke harimwo Sabumuremyi Jean Bosco .

Iryo shure rikaba rimaze imyaka 5, rigiye gukora ku mugaragaro , rikaba rifise abana bagera kuri 135 , abo bana bakaba bari mu mice itanndukanye ni ukuvuga kuva ku myaka 6 gushika ku myaka 17 .

Juma avuga ko uwamuhaye inguvu zo kwuguruza iryo shure ari umuhisi Prezida Nkurunziza kuko nawe yatanguye kuzana ama Academy mu Burundi .

Akaba yarangije asaba abavyeyi b’abana kuzana abana babo muri iryo shure ryitiriwe izina rya Academy.

Mwomenya ko inyuma y’imyimenyerezo kaciye kaba akaryo keza ko gusangira n’abakinyi biwe bari muri iryo shure ryitiriwe izina rya Didier Drogba .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 851