EntertainmentAkes Donhomepagekirundimusicmuzik na wasaniPassportUnicef Burundi

Bagiye guhuzwa n’indirimbo y’ikirundi bompi uko ari babiri

Inyuma yo gukorana n’umuririmvyi wo mu gihugu ca Tanzania azwi kw’izina rya Country Boy mundirimbo bise WOZA WOMBONA; NI Kingorongoro hamaze igihe kitari kinini havugwa ko atakiri kumwe na Management yiwe izwi kw’izina rya Trust No Body(TNB), aho kumpande zose atamuco batanga utomoye bamwe mubakunzi b’umuziki bikaba bibasiga mu gifungu bagakeka ko ari Buzz .

Kuri uyu wa 18/04/2019 niho habonetse izina ry’iyindi ndirimbo uwo muririmvyi akora umudiho wa Rap Magic Soldier Kingorongoro agiye gukurikiza iyari ihari yise “woza wombona”.
“HARIKERA” niyo agiye gushikiriza abarundi arikumwe na Vichou Love wo mumurwi Peace and Love babicishije kuri platform ya EAVibe uwo muririmvyi nyene avuga ko igiye kugurwa amahera.

Kingorongoro agira nti: “indirimbo ni HARIKERA ya Kingorongoro Ft Vichou Love bayitege Soon biciye kuri EAVIBE indirimbo igiye kugurwa amahera hama isohoke soon Video(Amasanamu) ubu abazoyishaka bose bazoyigura Just kubera ari indirimbo y’IKIRUNDI ni benshi bayishaka yaguzwe n’iyo Company basi birumvikana”

Aho ni mugihe uwo muririmvyi nyene akora umudiho wa Rap agerageza gusohoka cane akazana collabo mpuzamakungu aho agira ati “nugukora ico nemeye ngahereza abarundi indirimbo y’ikirundi kandi ciza ; aho rero nsaba abarundi kuyitega”.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769