abakinyi bakina hanzefootballhomepageintamba murugambakirundi_Sports

# Indundi Sports | Douglas Ngabo niwe murundi wenyene yatoye ikibazo ca FIFA

Douglas Ngabo Umurundi aba mu gihugu ca Swede akaba kandi anakora n’akazi ko kuronderera isoko abakinyi ( Agent) , niwe murundi wenyene yatoye ikibazo ca FIFA co guhabwa uburenganzira bwo gukora akazo ko kuronderera isoko abakinyi ku rwerwo rw’isi .

Douglas Ngabo asanzwe ari umukinyi wa kera wa Muzinga Fc hamwe na Inter Fc , hambavu yivyo asanzwe ari umumenyereza afise Licence A ya UEFA , ni nawe murundi wa mbere aba ku mugabane wa buraya afise ishure ry’umupira yitiriye izina rya (Academy Pro football Impact Management ).

Ivyo bikaba vyaje inyuma y’uko ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’Isi FIFA ritanze itegeko ry’uko ata muntu n’umwe azosubira gukora akazi ko kuronderera isoko abakinyi ( Agent) azosubira gukora uwo mwuga atatoye ikibazo iryo shirahamwe riherutse gutunganya kw’isi yose .

Mu gihigu ca Swede aho Douglas Ngabo asanzwe aba , abantu 100 nibo bakoze ico kibazo, mugihe abatoye ico kibazo batarenga 32 harimwo uwo murundi .

Mwomenya ko no mu Burundi bakoze ico kibazo biciye mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB abipfuza gukora ico kibazo baragikoze ariko nta muntu numwe yagitoye.

Indundi Sports ikaba ikeje uwo murindi asanzwe aba mu gihugu ca Swede Douglas Ngabo

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,904