Umukinyi w’intamba mu rugamba Nshimirimana Jospin yaguzwe mu mugwi Adana Demirsport ukina mu cicaro cambere mu gihugu ca Turquie .
Amakuru Indundi Sports yaronse nuko uwo mukinyi amaze gushira umukono ku masezerano yo gukinira uwo mugwi mu kiringo c’imyaka 5 .
Jospin Nshimirimana yari amaze amezi ata mugwi abarizwamwo inyuma y’umugwi yahora akinamwo wa Malatyasport ukina mu cicaro ca kabiri Turquie kwikura mw’ihiganwa biturutse ku kinyamugigima cari cateye mu kwezi kwa Ruhuhuma 2023 muri ico gihugu bituma uwo mugwi ubura umwe mu banyegori wabo .
Jospin akaba agiye muri uwo mugwi ahasanze umumenyereza mushasha Patrick Kluivert yigeze gukinira umugwi wa Fc Barcelona hamwe n’umugwi nserukira gihugu wa Pays- Bas .
Uwo mugwi agiye gukinamwo warangize ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere muri Turquie uri mu kibanza ca 4 .
Mwomenya ko uwo mukinyi asanzwe ahagarariwe ibikorwa vyiwe na Manager w ‘Intamba mu rugamba Mutima Constantin.



















