homepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Coupe du Président : Aigle Noir yasezereye Inter Star

Umugwi wa Aigle Noir w’i Makamba wasezereye umugwi Inter Star mu rukino rw’igice 1/2 gushira icanyuma c’igikombe citiriwe umukuru umukuru.

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 21 Ndamukiza umwaka wa 2019 iSaha icenda i Muyinga ku kibuga c’umuco niho umugwi wa Inter Star hamwe na Aigle Noir yahura mu rukino rw’igice 1/2 gishira icanguma c’igikombe citiriwe umukuru w’igihugu, urwo rukino rukaba rutari rworoshe kuko iminota 90 yarangiye iyo migwi yompi inganije ubusa ku bundi niho guca babongera iyindi minota 30 umugwi Aigle Noir uca uronka amahirwe yo gutsinda ivyo bitsindo 2 ku 0.

Igitsindo ca mbere ca Aigle Noir kikaba cinjijwe na Franck ku munota wa 93 mugihe icakabiri catsinzwe na Youssuf Nyange ku munota wa 96 w’urukino.

Ugutsinda kwa Aigle Noir kwahaye amahirwe Rukinzo Fc yo kuzoserukira igihugu mu mahiganwa ya CAF confederation Cup naho batotsinda mu Rukinzo rwa nyuma kubera y’uko Aigle Noir imaze kuba itahukana igikombe ca Primus league ikaba ari nayo izoserukira igihugu mu mahiganwa ya CAF Campions league .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871