Mutima ngo umugore yashize mu nzu ntameze co kimwe n’abubu, kuko we n’umuzezwa nzu ntameze nka bamwe birigwa Kuri za Snapchat.
Mu gihe Mutima le Comedien aheruka kuvugwako kuronka umwana wiwe wa mbere amaze amezi 6 gusa ashinze urwiwe, uwo Mugabo asanzwe Ari mu bakunzwe muri Comedie yavuze ko kuba bamuvuga, we nta kibazo afise, ahubwo Ari mu munyenga.
Mu kiganiro yagiranye na Juste Gael, Mutima yagarutse Ku ngo za kino gihe, aho yavuze ko ikibazo c’ubu Ari ukubera abahungu batitonda mu kwubaka. Akoresha ijambo Kuvayura.
Mutima yavuze ko abakobwa b’ubu usanga bafise abo bagendanye kera batari bake, Kandi nka bose baryamanye, ico we yise guhonja. Ico gihe ngo uwo mukobwa aba afise umwe canke 2, yumvise ko bahagaze neza muri ico gikorwa, bigatuma azokwama asubira Inyuma kuja kubarondera.
Uwo mugabo muri ico kiganiro na Juste Gael yavuze ko igituma asubira Inyuma, ngo nuko buri we aba afise ico amushakako.
Muri ico kiganiro nyene Mutima ntiyaretse kuvuga ko abakobwa b’ubu ngo bagira ubugeni kubera ubuzima butameze neza. Aho aba yipfuza uwumufasha gutunga umuryango, arico gituma aca arondera uwufise amafaranga, ariko akanagumana umwe amufasha ibijanye na rya banga.
Mutima yavuze ko we uwo yatwaye Ari umukobwa bafasha akanya bakigana. Mu myaka 8, ngo iyaba atari uwiwe yari kuba yagiye, canke we akarongora uwundi.
Ibi Mutima abishikirije mu gihe abatandukana babandanya kuba benshi muri Kano karere Uburundi buherereyemwo.

















