homepageComediesintamba murugambakirundikirundi_SportsYvan muziki

Igihugu intamba zokoreyemwo imyimenyerezo cahinduwe

Umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba ntukigiye muri Turukiya gukorerayo imyimenyerezo yo kwitegurira ihiganwa rya CAN 2019 rigiye kubera muri Egiputa mu kwezi kwa Ruheshi nk’uko vyari bitegekanijwe.

Amakuru ashikirizwa na bamwe mu basanzwe bayoboye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB amenyesha ko igihugu umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba wogiyemwo kwitegurira inkino za CAN2019 cahinduwe ubu ngo ikaba igiye kubera muri Qatar mu gihe hari hasanzwe hategekanijwe ko iyo myimenyerezo yobereye my Buturukiya.

Bikavugwa kandi ko Intamba mu rugamba imbere y’uko zifata indege zija muri ico gihugu ca Qatar kwimenyereza ko zizobanza gukina inkino za kivandimwe n’imigwi yo muri kano karere ka CECAFA nka Uganda, Kenya, Rwanda hamwe na Tanzania.

Intamba mu rugamba zikaba ziri mw’itsinda B kumwe na Nigeria , Madagascar hamwe na Guiné.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 884