homepagekirundi_Sports

# Indundi Sports | Menya abahagarikizi 4 bazohagarikira urukino rwa Cameroun n’Uburundi

Abahagarikizi 4 Mpuzamakungu bazohagarikira urukino rwo kurondera itike ryo kwitabira inkino zanyuma za CAN 2024, ruzohuza Uburundi hamwe na Cameroun igenekerezo rya 12 Nyakanga 2023 I Garoua .

Abo nabo akaba ari aba bakurikira:

1) Umuhagarikizi azohagarikira urwo rukino yitwa Abongile Tom, afise imyaka 31 y’amavuko akaba yamuka mu gihugu ca Africa y’epfo, ari mu bahagarikizi 25 beza bo muri Africa .

2) Umuhagarikizi wa mbere wo kuruhande ni Zakhele Thusi Granville Siwela , afise imyaka 40 y’amavuko akaba yamuka muri Africa y’epfo , ari mu bahagarikizi bari muri Qatar mu nkino z’igikombe c’Isi.

3) Umuhagarikizi agira kabiri wo kuruhande ni Souru Phataoane , afise imyaka 35 y’amavuko akaba yamuka muri Lesotho, nawe nyene ari mu bahagarikizi bari muri Qatar mu nkino z’gikombe c’Isi .

4) Umuhagarikizi agira kane nawe ni Jelly Chavani , afise imyaka 27 y’amavuko akaba yamuka mu gihugu c’africa y’epfo , nawe nyene ari mu bahagarikizi bari mu Qatar mu nkino z’igikombe c’Isi .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,862