homepagekirundi_Sports

Ubuserukizi bwa Nigeria mu Burundi bugiye gutunganya ihiganwa ryo gusiganwa mu kwiruka

Kuri uyu wambere igenekerezo rya 02 Gitugutu 2023, ku cicaro c’ubuserukizi bw’igihugu ca Nigeria mu Burundi, hatunganijwe ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru, mu ntumbero yo guhimbaza isabukuru ry’imyaka 63 igihugu ca Nigéria kimaze cikukiye. Ubwo buserukizi bwa Nigéria mu Burundi bubicishije mw’ishirahamwe ryo kwinonora imitsi mu Burundi, bwaratunganije ihiganwa ryo kwiruka rizoba kw’igenekerezo rya 7 Gitugutu mugisagara ca Bujumbura.

Iryo higanwa ritunganijwe ku ncuro igira gatatu, uwambere akazohabwa umuriyoni w’amafaranga y’amarundi(1.000.000fbu), uwa kabiri ibihumbi amajana indwi na mirongo itanu(750.000fbu) nayo uwa gatatu akazoronswa ibahasha ry’ibihumbi amajana atanu (500.000fbu).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 1,862