EntertainmentAkes Donhomepagekirundimusicmuzik na wasaniPassportUnicef Burundi

“Amabuno” niryo zina ry’iyo bagiye gukorana

Aho Label ya Bizimana Aboubakar Karum(Sat-b) isohoreye iyindi mpano mu muziki w’Uburundi ariwe Belle9ice n’akaririmbo kiwe yise SABO asanzwe ari mu rukundo nuyo muririmvyi Sat-b ari nawe CEO wa Empire avenue, bamenyesheje izina ry’iyigiye gukurikizwa

Aho Manager wa Empire Avenue Kent-p na Sat-b asanzwe ari CEO baviriye mugisagara ca Dar-es-Salaam mu gihugu ca Tanzania babajijwe uko ibikorwa bitunganije basubije bagira bati :

“Empire Avenue mugiye kuyibona mubikorwa vyinshi atari mu majambo menshi”
Uko bagiye gukurikirana mugusohora indirimbo ni Manager Kent-p yagize ngo:
“Mwitege abaririmvyi bose ba Empire Avenue kuko ibikorwa birahari kandi bitunganijwe neza kubw’ivyo muvyitege vuba”

Ni Sat-b abajijwe collabo avuga ko abarundi bokwitega zine 4 mugihe hari hitezwe zitatu aho twovuga nka zimwe muzo twagiye turabona zikorwa nka: Meddy mugihugu c’Urwanda; Sauti Sol (Kenya); na Aslay mugihugu ca Tanzanie
Ni Sat-b yishuye agira ati:

Collabo mvuga reka ndayemange ko ari igikorwa nakoranye n’abana ba Empire Avenue aho ni nka :Belle9ice; Bain Ten; Clementine Kavy tutibagiye n’umurwi Best Life Music.
Mwomenya ko haza haranabonetse amwe mumasanamu (Photos) bari muri studio kwa Mugisha Amir (M A production) hashobora kuba ariho hakorewe ico gikorwa kiza gihagarariwe n’izina Ryaco “AMABUNO” muyandi majambo agaragara kumbuga z’abo bahurikiye muri iyo label ya Empire Avenue ni ijambo canke inyandiko igira iti : 50-100

Aho Bamwe bakaba bari kwibaza nko ku muririmvyi Bain Ten asanzwe adafadika mumidiho aririmba kuko ngo kenshi arakora imidiho inyaruka (Rap) canke iyigenda bukebuke udasize inyuma na Afro Beat, (AfroPop) bakibaza bati mbe muri iyo ndirimbo azohuriramwo n’abo barikumwe muri Empire Avenue azoririmba gute?

Mwokwibuka kandi ko Sat-b afise ibiteramo bitari bike, kimwe kikaba gitegekanijwe kuba kuri uyu wa 27/04/2019 kuri Boulevard de l’Uprona ikindi naco kuri uyu wa 04/05/2019 kuri Lycée du Lac.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769